Qari
Murottal Audio
اَلْحَاۤقَّةُۙ
al-ḥāqqah(tu).
Umusi w’Urubanza,
مَا الْحَاۤقَّةُ ۚ
mal-ḥāqqah(tu).
umusi w’iherezo ni iki?
وَمَآ اَدْرٰىكَ مَا الْحَاۤقَّةُ ۗ
wa mā adrāka mal-ḥāqqah(tu).
Kandi woba uzi umusi w’urubanza ico ari co?
كَذَّبَتْ ثَمُوْدُ وَعَادٌ ۢبِالْقَارِعَةِ
każżabat ṡamūdu wa ‘ādum bil-qāri‘ah(ti).
Abantu b’i Samud, n’i Adi barahakanye umusi w’urubanza.
فَاَمَّا ثَمُوْدُ فَاُهْلِكُوْا بِالطَّاغِيَةِ
fa'ammā ṡamūdu fa uhlikū biṭ-ṭāgiyah(ti).
Nuko abantu b’i Samudi barimburwa n’urusaku rwinshi cane;
وَاَمَّا عَادٌ فَاُهْلِكُوْا بِرِيْحٍ صَرْصَرٍ عَاتِيَةٍۙ
wa ammā ‘ādun fa'uhlikū birīḥin ṣarṣarin ‘ātiyah(tin).
mu gihe abantu b’i Adi, barimbuwe n’igihuhusi gikanye cane, .
سَخَّرَهَا عَلَيْهِمْ سَبْعَ لَيَالٍ وَّثَمٰنِيَةَ اَيَّامٍۙ حُسُوْمًا فَتَرَى الْقَوْمَ فِيْهَا صَرْعٰىۙ كَاَنَّهُمْ اَعْجَازُ نَخْلٍ خَاوِيَةٍۚ
sakhkharahā ‘alaihim sab‘a layāliw wa ṡamāniyata ayyām(in), ḥusūman fataral-qauma fīhā ṣar‘ā, ka'annahum a‘jāzu nakhlin khāwiyah(tin).
Allah yabateye uwo muyaga amajoro indwi n’imisi umunani ataco akora; Hanyuma ubona abantu b’i Adi ico gihe baryamye bapfuye nk’ibiti vy’imisukoni vy’ubusa (vyaboze).
فَهَلْ تَرٰى لَهُمْ مِّنْۢ بَاقِيَةٍ
fahal tarā lahum mim bāqiyah(tin).
None ubona hari uwusigaye muri bo?
وَجَاۤءَ فِرْعَوْنُ وَمَنْ قَبْلَهٗ وَالْمُؤْتَفِكٰتُ بِالْخَاطِئَةِۚ
wa jā'a fir‘aunu wa man qablahū wal-mu'tafikātu bil-khāṭi'ah(ti).
Hanyuma haza Farawoni n’abantu bamubanjirije be n’(ababa) igihugu cari carahindutse kubera ikosa rikomeye.
فَعَصَوْا رَسُوْلَ رَبِّهِمْ فَاَخَذَهُمْ اَخْذَةً رَّابِيَةً
fa ‘aṣau rasūla rabbihim fa akhażahum akhżatar rābiyah(tan).
Baca rero basuzugura Intumwa y’Umukama wabo, Allah abaha igihano gikomeye cane.
اِنَّا لَمَّا طَغَا الْمَاۤءُ حَمَلْنٰكُمْ فِى الْجَارِيَةِۙ
innā lammā ṭagal-mā'u ḥamalnākum fil-jāriyah(ti).
Nkako, igihe amazi yaduga (akaja ku misozi), twatwaye (ba sogokuruza) mu mato, .
لِنَجْعَلَهَا لَكُمْ تَذْكِرَةً وَّتَعِيَهَآ اُذُنٌ وَّاعِيَةٌ
linaj‘alahā lakum tażkirataw wa ta‘iyahā użunuw wā‘iyah(tun).
kugira ngo Tuyihindure ikibutsa kuri mwebwe, kandi ugutwi kwumviriza kwumvirize.
فَاِذَا نُفِخَ فِى الصُّوْرِ نَفْخَةٌ وَّاحِدَةٌ ۙ
fa iżā nufikha fiṣ-ṣūri nafkhatuw wāḥidah(tun).
Hanyuma iyo inzumbete ivuzwe rimwe gusa, .
وَّحُمِلَتِ الْاَرْضُ وَالْجِبَالُ فَدُكَّتَا دَكَّةً وَّاحِدَةًۙ
wa ḥumilatil-arḍu wal-jibālu fa dukkatā dakkataw wāḥidah(tan).
isi n’imisozi biraterwa hejuru, bikakubitwa hamwe n’inkoni imwe.
فَيَوْمَىِٕذٍ وَّقَعَتِ الْوَاقِعَةُۙ
fayauma'iżiw waqa‘atil-wāqi‘ah(tu).
Maze kuri uwo musi, Isaha izoshika;
وَانْشَقَّتِ السَّمَاۤءُ فَهِيَ يَوْمَىِٕذٍ وَّاهِيَةٌۙ
wansyaqqatis-samā'u fahiya yauma'iżiw wāhiyah(tun).
kandi ijuru rizosaduka, kuko kuri uwo musi rizoba ridakomeye.
وَّالْمَلَكُ عَلٰٓى اَرْجَاۤىِٕهَاۗ وَيَحْمِلُ عَرْشَ رَبِّكَ فَوْقَهُمْ يَوْمَىِٕذٍ ثَمٰنِيَةٌ ۗ
wal-malaku ‘alā arjā'ihā, wa yaḥmilu ‘arsya rabbika fauqahum yauma'iżin ṡamāniyah(tun).
Kandi abamarayika bazoba mu mfuruka zitandukanye z’ijuru. Kuri uwo musi, abamarayika umunani bazoba bafise Intebe y’Umukama wawe hejuru yabo.
يَوْمَىِٕذٍ تُعْرَضُوْنَ لَا تَخْفٰى مِنْكُمْ خَافِيَةٌ
yauma'iżin tu‘raḍūna lā takhfā minkum khāfiyah(tun).
Kuri uwo musi, muzoshikirizwa imbere y’Umukama wanyu; nta kintu na kimwe muri mwebwe kizohishwa Allah.
فَاَمَّا مَنْ اُوْتِيَ كِتٰبَهٗ بِيَمِيْنِهٖ فَيَقُوْلُ هَاۤؤُمُ اقْرَءُوْا كِتٰبِيَهْۚ
fa ammā man ūtiya kitābahū biyamīnihī fa yaqūlu hā'umuqra'ū kitābiyah.
Uwuhawe igitabu ciwe mu kuboko kw'iburyo, azovuga ati: «Fata, usome igitabu canje.»
اِنِّيْ ظَنَنْتُ اَنِّيْ مُلٰقٍ حِسَابِيَهْۚ
innī ẓanantu annī mulāqin ḥisābiyah.
Nkako, ndazi neza ko (umusi umwe) nzoronka igiharuro canje.
فَهُوَ فِيْ عِيْشَةٍ رَّاضِيَةٍۚ
fa huwa fī ‘īsyatir rāḍiyah(tin).
Uwo muntu rero aba ari mu buzima buteye umunezero, .
فِيْ جَنَّةٍ عَالِيَةٍۙ
fī jannatin ‘āliyah(tin).
mw’ijuru ryo hejuru,
قُطُوْفُهَا دَانِيَةٌ
quṭūfuhā dāniyah(tun).
ivyamwa biri hafi, .
كُلُوْا وَاشْرَبُوْا هَنِيْۤـًٔا ۢبِمَآ اَسْلَفْتُمْ فِى الْاَيَّامِ الْخَالِيَةِ
kulū wasyrabū hanī'am bimā aslaftum fil-ayyāmil-khāliyah(ti).
(babwirwa) ati: «Murye, munywe munezerewe kubera ibikorwa vyiza mwakoze mu misi iheze.»
وَاَمَّا مَنْ اُوْتِيَ كِتٰبَهٗ بِشِمَالِهٖ ەۙ فَيَقُوْلُ يٰلَيْتَنِيْ لَمْ اُوْتَ كِتٰبِيَهْۚ
wa ammā man ūtiya kitābahū bisyimālih(ī), fa yaqūlu yā laitanī lam ūta kitābiyah.
Kandi ku vyerekeye uwahawe igitabu ciwe mu kuboko kwiwe kw’ibubamfu, ati: «Vyoba vyiza (iki) gitabu batagihawe».
وَلَمْ اَدْرِ مَا حِسَابِيَهْۚ
wa lam adri mā ḥisābiyah.
Rero sinzi uko nobiharura.
يٰلَيْتَهَا كَانَتِ الْقَاضِيَةَۚ
yā laitahā kānatil-qāḍiyah(ta).
Ewe, (urupfu) rube ari rwo ruheza vyose.
مَآ اَغْنٰى عَنِّيْ مَالِيَهْۚ
mā agnā ‘annī māliyah.
Ivyo mfise nta co bimaze kuri jewe.
هَلَكَ عَنِّيْ سُلْطٰنِيَهْۚ
halaka ‘annī sulṭāniyah.
Ububasha bwanje bwavuye kuri jewe.”
خُذُوْهُ فَغُلُّوْهُۙ
khużūhu fagullūh(u).
(Allah ati: «Mumufate, mumubohe ibiganza mw’izosi.»
ثُمَّ الْجَحِيْمَ صَلُّوْهُۙ
Ṡummal-jaḥīma ṣallūh(u).
Hanyuma umushire mu muriro w’iteka.
ثُمَّ فِيْ سِلْسِلَةٍ ذَرْعُهَا سَبْعُوْنَ ذِرَاعًا فَاسْلُكُوْهُۗ
Ṡumma fī silsilatin żar‘uhā sab‘ūna żirā‘an faslukūh(u).
Hanyuma umubohesheje umunyururu w’uburebure bw’amatambwe mirongo irindwi.
اِنَّهٗ كَانَ لَا يُؤْمِنُ بِاللّٰهِ الْعَظِيْمِۙ
innahū kāna lā yu'minu billāhil-‘aẓīm(i).
Nkako, ni we atemera Allah, Mukuru.
وَلَا يَحُضُّ عَلٰى طَعَامِ الْمِسْكِيْنِۗ
wa lā yaḥuḍḍu ‘alā ṭa‘āmil-miskīn(i).
Kandi kandi ntiyaremesheje (abandi) kugaburira abakene.
فَلَيْسَ لَهُ الْيَوْمَ هٰهُنَا حَمِيْمٌۙ
fa laisa lahul-yauma hāhunā ḥamīm(un).
Uyu musi rero nta mugenzi ari hano kuri we.
وَّلَا طَعَامٌ اِلَّا مِنْ غِسْلِيْنٍۙ
wa lā ṭa‘āmun illā min gislīn(in).
Kandi nta vyo kurya (biwe) atari amaraso n’ibisebe.
لَّا يَأْكُلُهٗٓ اِلَّا الْخٰطِـُٔوْنَ ࣖ
lā ya'kuluhū illal-khāṭi'ūn(a).
Nta n’umwe ayirya atari abanyavyaha.
فَلَآ اُقْسِمُ بِمَا تُبْصِرُوْنَۙ
falā uqsimu bimā tubṣirūn(a).
Nuko rero ndahiye ivyo mubona;
وَمَا لَا تُبْصِرُوْنَۙ
wa mā lā tubṣirūn(a).
kandi kubera ivyo mutabona.
اِنَّهٗ لَقَوْلُ رَسُوْلٍ كَرِيْمٍۙ
innahū laqaulu rasūlin karīm(in).
Nkako, (Korowani) ni vy’ukuri ihishurirwa (ryahishuriwe) Intumwa y’icubahiro,
وَّمَا هُوَ بِقَوْلِ شَاعِرٍۗ قَلِيْلًا مَّا تُؤْمِنُوْنَۙ
wa mā huwa biqauli syā‘ir(in), qalīlam mā tu'minūn(a).
kandi yo (Korowani) si amajambo y’umunyamivugo. Mufise ukwizera guke muri we.
وَلَا بِقَوْلِ كَاهِنٍۗ قَلِيْلًا مَّا تَذَكَّرُوْنَۗ
wa lā biqauli kāhin(in), qalīlam mā tażakkarūn(a).
Kandi na yo nyene si amajambo y’abapfumu. Umwigirako bike cane.
تَنْزِيْلٌ مِّنْ رَّبِّ الْعٰلَمِيْنَ
tanzīlum mir rabbil-‘ālamīn(a).
Iyo (Korowani) ni ihishurirwa ryamanutse rivuye ku Mana y’isi zose.
وَلَوْ تَقَوَّلَ عَلَيْنَا بَعْضَ الْاَقَاوِيْلِۙ
wa lau taqawwala ‘alainā ba‘ḍal-aqāwīl(i).
Kandi iyo we (Muhamadi) avuga amajambo makeyi kuri (izina rya) Twebwe,
لَاَخَذْنَا مِنْهُ بِالْيَمِيْنِۙ
la'akhażnā minhu bil-yamīn(i).
nta gukeka ko Tuzomufata mu kuboko kwiwe kw’ukuryo.
ثُمَّ لَقَطَعْنَا مِنْهُ الْوَتِيْنَۖ
Ṡumma laqaṭa‘nā minhul-watīn(a).
Hanyuma tugaca imitsi y’umutima.
فَمَا مِنْكُمْ مِّنْ اَحَدٍ عَنْهُ حٰجِزِيْنَۙ
famā minkum min aḥadin ‘anhu ḥājizīn(a).
Nta n’umwe muri mwebwe rero ashobora kubuza (Twebwe kumuhana).
وَاِنَّهٗ لَتَذْكِرَةٌ لِّلْمُتَّقِيْنَ
wa innahū latażkiratul lil-muttaqīn(a).
Kandi vy’ukuri, (Korowani) ni icigwa ku bakunda Imana.
وَاِنَّا لَنَعْلَمُ اَنَّ مِنْكُمْ مُّكَذِّبِيْنَۗ
wa innā lana‘lamu anna minkum mukażżibīn(a).
Kandi vy’ukuri, Turazi ko muri mwebwe hari abantu b’abanyabinyoma.
وَاِنَّهٗ لَحَسْرَةٌ عَلَى الْكٰفِرِيْنَۚ
wa innahū laḥasratun ‘alal-kāfirīn(a).
Kandi vy’ukuri, (Korowani) izotuma abahakanyi bicuza (mu buzima bw’inyuma y’urupfu).
وَاِنَّهٗ لَحَقُّ الْيَقِيْنِ
wa innahū laḥaqqul-yaqīn(i).
Kandi vy’ukuri, (Korowani) ni ukuri kwemeza.
فَسَبِّحْ بِاسْمِ رَبِّكَ الْعَظِيْمِ ࣖ
fa sabbiḥ bismi rabbikal-‘aẓīm(i).
Niwininahaze rero mu (kuvuga) izina ry’Imana yawe Mushoboravyose.