فَكُلُوْا مِمَّاغَنِمْتُمْ حَلٰلًا طَيِّبًاۖ وَّاتَّقُوا اللّٰهَ ۗاِنَّ اللّٰهَ غَفُوْرٌ رَّحِيْمٌ
fa kulū mimmā ganimtum ḥalālan ṭayyibā(n), wattaqullāh(a), innallāha gafūrur raḥīm(un).
Rero murye bimwe mu minyago y’intambara mwaronse, nk’ibifungurwa vyemewe kandi vyiza, mutinye Allah. Nkako, Allah ni Umubabazi, ni Umunyakigongwe.
وَّمَغَانِمَ كَثِيْرَةً يَّأْخُذُوْنَهَا ۗ وَكَانَ اللّٰهُ عَزِيْزًا حَكِيْمًا
wa magānima kaṡīratay ya'khużūnahā, wa kānallāhu ‘azīzan ḥakīmā(n).
n’iminyago myinshi y’intambara bazoronka. Kandi Allah ni umunyabubasha, ni umunyabwenge.
وَعَدَكُمُ اللّٰهُ مَغَانِمَ كَثِيْرَةً تَأْخُذُوْنَهَا فَعَجَّلَ لَكُمْ هٰذِهٖ وَكَفَّ اَيْدِيَ النَّاسِ عَنْكُمْۚ وَلِتَكُوْنَ اٰيَةً لِّلْمُؤْمِنِيْنَ وَيَهْدِيَكُمْ صِرَاطًا مُّسْتَقِيْمًاۙ
wa‘adakumullāhu magānima kaṡīratan ta'khużūnahā fa‘ajjala lakum hāżihī wa kaffa aidiyan-nāsi ‘ankum, wa litakūna āyatal lil-mu'minīna wa yahdiyakum ṣirāṭam mustaqīmā(n).
Allah yarabasezeraniye isahu ryinshi ry’intambara mushobora gutwara, ni co gituma yakwihutishije ivyo (iminyago y’intambara) ku bwanyu kandi yarabujije amaboko y’abantu (kugira ngo mumushimire) kandi kugira ngo bibe ikimenyamenya ku bemera kandi kugira ngo abayobore mu nzira igororotse.