۞ فَلَمَّآ اَحَسَّ عِيْسٰى مِنْهُمُ الْكُفْرَ قَالَ مَنْ اَنْصَارِيْٓ اِلَى اللّٰهِ ۗ قَالَ الْحَوَارِيُّوْنَ نَحْنُ اَنْصَارُ اللّٰهِ ۚ اٰمَنَّا بِاللّٰهِ ۚ وَاشْهَدْ بِاَنَّا مُسْلِمُوْنَ
falammā aḥassa ‘īsā minhumul-kufra qāla man anṣārī ilallāh(i), qālal-ḥawāriyyūna naḥnu anṣārullāh(i), āmannā billāh(i), wasyhad bi'annā muslimūn(a).
Rero Yezu yumvise ukutumvira kwabo (Bene Isirayeli), ati: «Ni nde azoba umufasha wo (gushinga idini rya) Allah?» Aba Hawariyyun (abagenzi b'intahemuka) barishura bati: "Turi abafasha ba Allah (mu vy'idini). Twemera Allah, kandi dushingira intahe ko turi abayisilamu."
رَبَّنَآ اٰمَنَّا بِمَآ اَنْزَلْتَ وَاتَّبَعْنَا الرَّسُوْلَ فَاكْتُبْنَا مَعَ الشّٰهِدِيْنَ
rabbanā āmannā bimā anzalta wattaba‘nar-rasūla faktubnā ma‘asy-syāhidīn(a).
Mwami wacu, twemeye ivyo wahishuriye kandi twakurikiye Intumwa, rero udushire mu mugwi w’abantu bashingira intahe.»
يٰٓاَهْلَ الْكِتٰبِ لَا تَغْلُوْا فِيْ دِيْنِكُمْ وَلَا تَقُوْلُوْا عَلَى اللّٰهِ اِلَّا الْحَقَّۗ اِنَّمَا الْمَسِيْحُ عِيْسَى ابْنُ مَرْيَمَ رَسُوْلُ اللّٰهِ وَكَلِمَتُهٗ ۚ اَلْقٰىهَآ اِلٰى مَرْيَمَ وَرُوْحٌ مِّنْهُ ۖفَاٰمِنُوْا بِاللّٰهِ وَرُسُلِهٖۗ وَلَا تَقُوْلُوْا ثَلٰثَةٌ ۗاِنْتَهُوْا خَيْرًا لَّكُمْ ۗ اِنَّمَا اللّٰهُ اِلٰهٌ وَّاحِدٌ ۗ سُبْحٰنَهٗٓ اَنْ يَّكُوْنَ لَهٗ وَلَدٌ ۘ لَهٗ مَا فِى السَّمٰوٰتِ وَمَا فِى الْاَرْضِۗ وَكَفٰى بِاللّٰهِ وَكِيْلًا ࣖ
yā ahlal-kitābi lā taglū fī dīnikum wa lā taqūlū ‘alallāhi illal-ḥaqq(a), innamal-masīḥu ‘īsabnu maryama rasūlullāhi wa kalimatuh(ū), alqāhā ilā maryama wa rūḥum minh(u), fa āminū billāhi wa rusulih(ī), wa lā taqūlū ṡalāṡah(tun), inntahū khairal lakum innamallāhu ilāhuw wāḥid(un), subḥānahū ay yakūna lahū walad(un), lahū mā fis-samāwāti wa mā fil-arḍ(i), wa kafā billāhi wakīlā(n).
Ewe Bantu b’Igitabo! Ntimurenge imbibe mw’idini ryanyu, kandi ntimugire ico muvuga kuri Allah kiretse ivy’ukuri. Nkako, Mesiya Yezu mwene Mariyamu, yari intumwa ya Allah kandi (yaremwe n’) amajambo yiwe yashikirije Mariyamu, kandi (n’ugufuha) impwemu ivuye kuri we. Rero mwizere Allah n’intumwa ziwe ntimuvuge ngo: «(Imana ni) batatu», muhagarike (kuvuga ivyo). (Ivyo) ni vyiza kuri wewe. Nkako, Allah ni Imana Mushoboravyose, arahezagiwe mu (ciyumviro co) kuvyara abana. Ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi vyose ni vyo vyitunga. Kandi Allah arahagije nk’umurinzi.
لَقَدْ كَفَرَ الَّذِيْنَ قَالُوْٓا اِنَّ اللّٰهَ هُوَ الْمَسِيْحُ ابْنُ مَرْيَمَۗ قُلْ فَمَنْ يَّمْلِكُ مِنَ اللّٰهِ شَيْـًٔا اِنْ اَرَادَ اَنْ يُّهْلِكَ الْمَسِيْحَ ابْنَ مَرْيَمَ وَاُمَّهٗ وَمَنْ فِى الْاَرْضِ جَمِيْعًا ۗوَلِلّٰهِ مُلْكُ السَّمٰوٰتِ وَالْاَرْضِ وَمَا بَيْنَهُمَا ۗ يَخْلُقُ مَا يَشَاۤءُ ۗوَاللّٰهُ عَلٰى كُلِّ شَيْءٍ قَدِيْرٌ
laqad kafaral-lażīna qālū innallāha huwal-masīḥubnu maryam(a), qul famay yamliku minallāhi syai'an in arāda ay yuhlikal-masīḥabna maryama wa ummahū wa man fil-arḍi jamī‘ā(n), wa lillāhi mulkus-samāwāti wal-arḍi wa mā bainahumā, yakhluqu mā yasyā'(u), wallāhu ‘alā kulli syai'in qadīr(un).
Nkako, abavuga bati: «Ni ukuri, Allah ni Mesiya mwene Mariya, barahakanye». Muvuge (Muhamadi) muti: «Ni nde yoshobora kubuza ubugombe bwa Allah, nimba ashaka gutikiza Mesiya mwene Mariya, nyina wiwe n’abantu bose bo kw’isi?» Kandi ubwami bw’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo ni ubwa Allah. Ni we arema ivyo Ashaka. Kandi Allah niwe Mushoboravyose kuri vyose.
فَاخْتَلَفَ الْاَحْزَابُ مِنْۢ بَيْنِهِمْۚ فَوَيْلٌ لِّلَّذِيْنَ كَفَرُوْا مِنْ مَّشْهَدِ يَوْمٍ عَظِيْمٍ
fakhtalafal-aḥzābu mim bainihim, fa wailul lil-lażīna kafarū mim masyhadi yaumin ‘aẓīm(in).
Rero imigwi (yariho) hagati yabo (Abayuda n’Abakristo) yaratandukanye. Nuko rero abatemera baragowe iyo bazobona umusi ukomeye!