اِنَّمَا مَثَلُ الْحَيٰوةِ الدُّنْيَا كَمَاۤءٍ اَنْزَلْنٰهُ مِنَ السَّمَاۤءِ فَاخْتَلَطَ بِهٖ نَبَاتُ الْاَرْضِ مِمَّا يَأْكُلُ النَّاسُ وَالْاَنْعَامُ ۗحَتّٰٓى اِذَآ اَخَذَتِ الْاَرْضُ زُخْرُفَهَا وَازَّيَّنَتْ وَظَنَّ اَهْلُهَآ اَنَّهُمْ قٰدِرُوْنَ عَلَيْهَآ اَتٰىهَآ اَمْرُنَا لَيْلًا اَوْ نَهَارًا فَجَعَلْنٰهَا حَصِيْدًا كَاَنْ لَّمْ تَغْنَ بِالْاَمْسِۗ كَذٰلِكَ نُفَصِّلُ الْاٰيٰتِ لِقَوْمٍ يَّتَفَكَّرُوْنَ
innamā maṡalul-ḥayātid-dun-yā kamā'in anzalnāhu minas-samā'i fakhtalaṭa bihī nabātul-arḍi mimmā ya'kulun-nāsu wal-an‘ām(u), ḥattā iżā akhażatil-arḍu zukhrufahā wazzayyanat wa ẓanna ahluhā annahum qādirūna ‘alaihā, atāhā amrunā lailan au nahāran fa ja‘alnāhā ḥaṣīdan ka'allam tagna bil-ams(i), każālika nufaṣṣilul-āyāti liqaumiy yatafakkarūn(a).
Akarorero k’ubu buzima bwo mw’isi ni nk’amazi gusa (imvura) tumanukana tuvuye mw’ijuru, hanyuma ivyatsi vyo kw’isi bikamera vyinshi, bimwe bikaribwa n’abantu n’ibitungwa. Gushika aho isi izoba itunganye mu bwiza bwayo kandi ishaje, abayibamwo bakiyumvira ko bazoyitunga ata kabuza (bazoyimbura ivyamwa vyayo), igihano cacu kizoyizako mw’ijoro canke ku murango, maze tukayigira (ibiterwa) nk’umuhoro, nk’aho itamera ejo. Uko ni ko dusigurira abantu biyumvira ibimenyetso (vy’ububasha bwacu).
وَاضْرِبْ لَهُمْ مَّثَلَ الْحَيٰوةِ الدُّنْيَا كَمَاۤءٍ اَنْزَلْنٰهُ مِنَ السَّمَاۤءِ فَاخْتَلَطَ بِهٖ نَبَاتُ الْاَرْضِ فَاَصْبَحَ هَشِيْمًا تَذْرُوْهُ الرِّيٰحُ ۗوَكَانَ اللّٰهُ عَلٰى كُلِّ شَيْءٍ مُّقْتَدِرًا
waḍrib lahum maṡalal-ḥayātid-dun-yā kamā'in anzalnāhu minas-samā'i fakhtalaṭa bihī nabātul-arḍi fa aṣbaḥa hasyīman tażrūhur-riyāḥ(u), wa kānallāhu ‘alā kulli syai'im muqtadirā(n).
Kandi ubagirire (abantu) umugani w’ubuzima bwo kw’isi, nk’amazi (imvura) tumanukana avuye mw’ijuru, kugira ngo atere ifumbire ibiterwa vyo kw’isi, hanyuma (ibiterwa) bikaguma vyuma nk’uko bihuhwa n’umuyaga. Kandi Allah niwe Mushoboravyose kuri vyose.
اِعْلَمُوْٓا اَنَّمَا الْحَيٰوةُ الدُّنْيَا لَعِبٌ وَّلَهْوٌ وَّزِيْنَةٌ وَّتَفَاخُرٌۢ بَيْنَكُمْ وَتَكَاثُرٌ فِى الْاَمْوَالِ وَالْاَوْلَادِۗ كَمَثَلِ غَيْثٍ اَعْجَبَ الْكُفَّارَ نَبَاتُهٗ ثُمَّ يَهِيْجُ فَتَرٰىهُ مُصْفَرًّا ثُمَّ يَكُوْنُ حُطَامًاۗ وَفِى الْاٰخِرَةِ عَذَابٌ شَدِيْدٌۙ وَّمَغْفِرَةٌ مِّنَ اللّٰهِ وَرِضْوَانٌ ۗوَمَا الْحَيٰوةُ الدُّنْيَآ اِلَّا مَتَاعُ الْغُرُوْرِ
i‘lamū annamal-ḥayātud-dun-yā la‘ibuw wa lahwuw wa zīnatuw wa tafākhurum bainakum wa takāṡurun fil-amwāli wal-aulād(i), kamaṡali gaiṡin a‘jabal-kuffāra nabātuhū ṡumma yahīju fatarāhu muṣfarran ṡumma yakūnu ḥuṭāmā(n), wa fil-ākhirati ‘ażābun syadīd(un), wa magfiratum minallāhi wa riḍwān(un), wa mal-ḥayātud-dun-yā illā matā‘ul-gurūr(i).
Mumenye ko, mu vy’ukuri, ubuzima bwo muri iyi si ari imikino gusa n’ibisekeje, ugushaza n’ubwibone hagati yanyu n’uguhiganwa ku butunzi n’uruvyaro, nk’imvura itera ibitegwa bitangaje abarimyi, hanyuma (ibitegwa) bikaguma vyuma ukabona ibara ryavyo ry’umuhondo hanyuma bikagasenyuka. Kandi mu buzima bw’inyuma y’urupfu (mu nyuma) hazoba igihano gikomeye n’imbabazi zivuye kuri Allah n’ugushimisha kwiwe. Kandi ubuzima bwo mw’isi nta kindi ariko ni umunezero w’ikinyoma.