وَاٰخَرُوْنَ مُرْجَوْنَ لِاَمْرِ اللّٰهِ اِمَّا يُعَذِّبُهُمْ وَاِمَّا يَتُوْبُ عَلَيْهِمْۗ وَاللّٰهُ عَلِيْمٌ حَكِيْمٌ
wa ākharūna murjaunal li'amrillāhi immā yu‘ażżibuhum wa immā yatūbu ‘alaihim, wallāhu ‘alīmun ḥakīm(un).
Kandi hari (na) abandi bantu bahagaritswe gushika Allah afashe ingingo; kumbure Allah azobahana kandi kumbure Allah azokwemera ukwihana kwabo. Allah ni we azi vyose, ni umunyabwenge.
وَّعَلَى الثَّلٰثَةِ الَّذِيْنَ خُلِّفُوْاۗ حَتّٰٓى اِذَا ضَاقَتْ عَلَيْهِمُ الْاَرْضُ بِمَا رَحُبَتْ وَضَاقَتْ عَلَيْهِمْ اَنْفُسُهُمْ وَظَنُّوْٓا اَنْ لَّا مَلْجَاَ مِنَ اللّٰهِ اِلَّآ اِلَيْهِۗ ثُمَّ تَابَ عَلَيْهِمْ لِيَتُوْبُوْاۗ اِنَّ اللّٰهَ هُوَ التَّوَّابُ الرَّحِيْمُ ࣖ
wa ‘alaṡ-ṡalāṡatil-lażīna khullifū, ḥattā iżā ḍāqat ‘alaihimul-arḍu bimā raḥubat wa ḍāqat ‘alaihim anfusuhum wa ẓannū allā malja'a minallāhi illā ilaih(i), ṡumma tāba ‘alaihim liyatūbū, innallāha huwat-tawwābur-raḥīm(u).
kandi yerekeza ku bantu batatu bari basigaye inyuma. Gushika igihe isi yasa n’iyipfuye kuri bo, naho isi yari nini kandi ubugingo bwabo na bwo bukaba bumeze (na bwo bumva) buke kuri bo, kandi bakamenya ko ata n’umwe yohunga (umubabaro wa) Allah, atari We wenyene, niho Allah yemera ukwihana kwabo kugira ngo bagume mu kwihana kwabo. Nkako, Allah ni We yemera cane ukwihana, ni we Munyambabazi.