فَنَادَتْهُ الْمَلٰۤىِٕكَةُ وَهُوَ قَاۤىِٕمٌ يُّصَلِّيْ فِى الْمِحْرَابِۙ اَنَّ اللّٰهَ يُبَشِّرُكَ بِيَحْيٰى مُصَدِّقًاۢ بِكَلِمَةٍ مِّنَ اللّٰهِ وَسَيِّدًا وَّحَصُوْرًا وَّنَبِيًّا مِّنَ الصّٰلِحِيْنَ
fanādathul-malā'ikatu wa huwa qā'imuy yuṣallī fil-miḥrāb(i), annallāha yubasysyiruka biyaḥyā muṣaddiqam bikalimatim minallāhi wa sayyidaw wa ḥaṣūraw wa nabiyyam minaṣ-ṣāliḥīn(a).
Hanyuma abamarayika baramuhamagara, igihe yari ahagaze asenga muri mihrab, bati: «Allah arakuzanira inkuru nziza n’(ivuka rya) Yahya, wemeza ijambo (ijambo) rivuye kuri Allah, akarorero, ashobora kwirinda (irari) n’umuhanuzi mu basenga Imana.»
يٰزَكَرِيَّآ اِنَّا نُبَشِّرُكَ بِغُلٰمِ ِۨاسْمُهٗ يَحْيٰىۙ لَمْ نَجْعَلْ لَّهٗ مِنْ قَبْلُ سَمِيًّا
yā zakariyyā innā nubasysyiruka bigulāminismuhū yaḥyā, lam naj‘al lahū min qablu samiyyā(n).
(Allah ati: «Ewe Zakariya! Turakubwira inkuru nziza y’umuhungu yitwa Yahya, uwo tutari bwigere tumuha izina nk’iryo mbere.»
قَالَ رَبِّ اَنّٰى يَكُوْنُ لِيْ غُلٰمٌ وَّكَانَتِ امْرَاَتِيْ عَاقِرًا وَّقَدْ بَلَغْتُ مِنَ الْكِبَرِ عِتِيًّا
qāla rabbi annā yakūnu lī gulāmuw wa kānatimra'atī ‘āqiraw wa qad balagtu minal-kibari ‘itiyyā(n).
We (Zakariya) ati: «Ewe Mukama wanje, nzovyara gute abana, kandi umugore wanje ari ingumba, nanje (nje ubwanje) mu vy’ukuri nshitse mu myaka y’ubusaza cane?»
قَالَ كَذٰلِكَۗ قَالَ رَبُّكَ هُوَ عَلَيَّ هَيِّنٌ وَّقَدْ خَلَقْتُكَ مِنْ قَبْلُ وَلَمْ تَكُ شَيْـًٔا
qāla każālik(a), qāla rabbuka huwa ‘alayya hayyinuw wa qad khalaqtuka min qablu wa lam taku syai'ā(n).
(Allah) ati: «Ni ko biri.» Umukama wawe ati: «Biranyoroheye, nkako, narakuremye imbere y’aho, naho (ico gihe) ata n’ishusho wari ufise na gato.»
فَاسْتَجَبْنَا لَهٗ ۖوَوَهَبْنَا لَهٗ يَحْيٰى وَاَصْلَحْنَا لَهٗ زَوْجَهٗۗ اِنَّهُمْ كَانُوْا يُسٰرِعُوْنَ فِى الْخَيْرٰتِ وَيَدْعُوْنَنَا رَغَبًا وَّرَهَبًاۗ وَكَانُوْا لَنَا خٰشِعِيْنَ
fastajabnā lah(ū), wa wahabnā lahū yaḥyā wa aṣlaḥnā lahū zaujah(ū), innahum kānū yusāri‘ūna fil-khairāti wa yad‘ūnanā ragabaw wa rahabā(n), wa kānū lanā khāsyi‘īn(a).
Twamwishuye rero (isengesho ryiwe), turamuha Yahya, turatuma umugore wiwe (ashobora gusama inda). Nkako, bama bihuta mu (gukora) ivyiza, kandi baradusengera bafise icizigiro kinini n’amaganya menshi. Kandi ni abo twiyeguriye.